Uko wahagera

Baramaze Gushika 7 Bishwe na Nyamugigima mu Buyapani

Abatabara bariko barondera aboba bagihema mu nzu yasenyuwe na nyamugigimamu gisagara ca Atsuma, mw'izinga rya Hokkaido, Ubuyapani, itariki 6/09/2018.
Abatabara bariko barondera aboba bagihema mu nzu yasenyuwe na nyamugigimamu gisagara ca Atsuma, mw'izinga rya Hokkaido, Ubuyapani, itariki 6/09/2018.

Abantu bashika ku ndwi ejo ku musi wa kane nibo bari bamaze kumenyekana ko bishwe na nyamugigima yateye izinga rya Hokkaido riri mu buraruko bw’Ubuyapani.

Ikigo c’Ubuyapani kigenzura ibirere kivuga iyo nyamugigima yasenyuye imisozi, amazu aharurwa mu majana arahambwa, inzuzi zicika ivyondo.

Abantu 140 barakomeretse, abandi bashika kuri 40 baracaronderwa irengero ryabo. Abasirikare hamwe n’abajejwe gutabara nibo barungitswe gutabara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG