Uko wahagera

Indoneziya: Abishwe na Tsunami Bashitse ku 1200


Ivyasambuwe na Nyamugigima hamwe na Tsunami
Ivyasambuwe na Nyamugigima hamwe na Tsunami

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gishikiriza ko citeguye gufasha Indoneziya inyuma ya nyamugigima yakurikiwe n’ingunza y’ikiyaga yiswe tsunami gushika ubu bimaze guhitana ubuzima bw’abarenga 1,200 .

Amerika yashikirije ejo kuwa kabiri ko yatanze imfashanyo ya mbere y’ibihumbi ijana vy’amadolari ibicishije mu biro vya Reta zunze ubumwe za Amerika bijejwe iterambere mu makungu, USAID

Amerika ivuga kandi ko iriko irakorana na USAID hamwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi kugira barabe izindi mfashanyo zikenewe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG