Uko wahagera

Kim Jong Un Yaryohewe n'Ikete Prezida Trump Yamwandikiye


Kim Jong Un ariko asoma ikete yamwandikiye

Ikinyamakuru ca Reta muri Koreya ya Ruguru, KCNA, gitangaza ko Prezida wa Amerika Donald Trump yandikiye ikete mugenzi we w’ico gihugu Kim Jong Un.

Ico kinyamakuru ntigitanga ido n’ido ry’ibiri muri iryo kete cemeza ko “Vyaryoheye cane Kim Jong Un”, yavuze ko ari ikete ririmwo ibintu vy’akamaro kandi vyo gushimagiza.

Kim inyuma yo gusoma iryo kete yabwiye KCNA ati: “Ndakunda umwete n’ubwira bwa Trump”.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu Mike Pompeo yemeje ayo makuru asigura ko Reta yiwe yiteze ko ari ikete rizotuma ibiganiro vyahagaze hagati ya Amerika na Koreya ya Ruguru ku bijanye n’ibirwanisho ruhonyanganda vya Nikleyeri vyongera gutangura.

Mu ntango za kuno kwezi kwa gatandatu Trump nawe yari yaratangaje ko yaronse ikete “ryiza rya Kim Jong UN ryamweretse ko afitaniye ubucuti bwite kandi bwiza na Kim."

Ibiganiro vyo gusaba Koreya ya Ruguru guhagarika guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vya Nikleyeri vyahagaze ata masezerano abonetse mu kwezi kwa kabiri.

Abo bategetsi ubwa nyuma aho bahurira muri Vietnam bagirizanije kutoroherezanya. Trump ico gihe yavuze ko Kim ata shaka ryo kuvavanura na programu ya Nikleyeri afise, Kim nawe asigura ko ata bushake Amerika ifise bwo gutezurira Koreya ya Ruguru mu bihano .

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG