Uko wahagera

Nta Masezerano ya Nikleyeri Hagati ya Prezida Trump na Kim


Umutegetsi kizigenza wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un na perezida wa Amerika Donald Trump mu nama yabo igira kabiri i Hanoi, Vietnamu, itariki 28/02/2019.
Umutegetsi kizigenza wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un na perezida wa Amerika Donald Trump mu nama yabo igira kabiri i Hanoi, Vietnamu, itariki 28/02/2019.

Inama hagati ya Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump n’umutegetsi kizigenza wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un vyarahagaze uno musi ku wa kane ata amasezerano ashitsweko.

Prezida Trump avuga ko umuntu ategerezwa kwama yiteguriye gukuramwo akarenge. Amenyesha ko yari gushobora gutera igikumu ku masezerano uno musi ku wa kane, ko impapuro z’ugutera ko igikumu zari zateguwe.

Prezida Trump avuga ko umutegetsi kizigenza wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un yashaka ko ibihano Amerika yafatiye igihugu ciwe bikurwaho vyose. Yamara amenyesha ko ivyo bitashobora kuba.

Ivyo yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gisagara ca Hanoi, inyuma yuko ibiganiro bihagaze.

Prezida Trump avuga ko ibiganiro vyo mu gisagara ca Hanoi vyagize akamaro. Yibaza ko impande zompi zizoruhira gushika ku masezerano yerekeye gukura ibirwanisho ruhonyanganda mu kigobe ca Koreya.

Umushikirangaji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo yatangaje ko afise icizere ko ibiganiro hagati y’igihugu ciwe na Koreya ya ruguru bizosubira kubandanya vuba.

Yishura ikibazo c’umumenyeshamakuru, Prezida Trump ntiyemereye Kim Jong Un ko hazoba iyindi nama igira gatatu hagati yabo.

Yongeye atangaza ko Koreya ya ruguru, isanzwe yafatiwe ibihano bitari bike n’amakungu, itazofatirwa ibindi bihano kubera ata ntambwe zashitsweko mu biganiro vyo mu gisagara ca Hanoi.

Mu biganiro vy’uno musi ku wa kane, Prezida Trump na Kim Jong Un berekanye ko iciyumviro cuko Koreya ya ruguru ishobora kurekurira Amerika, muri iki gihe ata migenderanire ifitaniye n’ico gihugu, kwugurura ibiro ku murwa mukuru waco, Pyongyang.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG