Uko wahagera

Amerika Yoba Igiye Kwongereza Ibindi Bihano kuri Koreya ya Ruguru?


Ahatererwa ibigendajuru vya Misile muro Koreya ya Ruguru
Ahatererwa ibigendajuru vya Misile muro Koreya ya Ruguru

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump ejo kuwa gatatu yashikirije ko yobabara mu gihe ibivugwa ko igihugu ca Koreya ya ruguru kiriko kirongera kwubaka aharungikirwa ibigendajuru vyoba ari ukuri.

Inyuma y’imisi mike Trump yigamvye ko imigenderanire yiwe n’indongozi ya Koreya ya ruguru Kim Jong Un ikomeye, mu gihe ayo makuru yoba ari ukuri, avuga ko vyoba bibabaje kandi ibizokurikira ari ukurindira.

Amakuru atangwa n’impande zitandukanye avuga ko Koreya ya ruguru congeye kwubaka ico kibanza cari catanguye gusambura inyuma y’inama yahuje abategetsi b’ibi bihugu mu mwaka uheze.

Inyuma y’uwo mubonano wa mbere na Kim i Singapore mu mwaka uheze, perezida Trump yabwiye abamenyeshamakuru ko iyo ndongozi ya Koreya ya ruguru yemeye gusambura ikibanza gikomeye co kugeragerezamwo irungikwa rya misile mu kirere.

Ntibiramanyekana ikizokurikira ibi bivugwa kuri Koreya ya Ruguru, ariko umuhanuzi muvy’umukenao mu gihugu muri Amerika, John Bolton yashikirije ku musi wa kabiri ko Amerika ishobora kwongereza ibihano kuri Pyongyang mu gihe Kim atohagarika porogaramu ya Nikleyeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG