Uko wahagera

Kim Jong Un Ategekanya Kugendera Uburusiya


Umutegetsi wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un na Vladimir Putin perezida w'Uburusiya.
Umutegetsi wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un na Vladimir Putin perezida w'Uburusiya.

Indongozi ya Koreya ya ruguru Kim Jong Un agiye kugendera Uburusiya mu mubonano wa mbere na perezida w’Uburusiya Vladimir Putin, ivyo vyashikirijwe n’ibinyamakuru ca reta y’Uburusiya kur’uyu wa kabiri, kandi vyemezwa na reta y’Uburusiya.

Ikinyamakuru ca reta y’Uburusiya KNCA ariko nticamenyesheje ryari canke ikibanza uyo mubonano uzoberamwo.

Reta y’Uburusiya yatangaje mu ndwi iheze ko abo bategetsi babiri bazobonanira mu Burusiya mu gice ca kabiri c’ukwezi kwa kane ariko nta birenze ivyo vyatangajwe.

Vyitezwe ko babonanira mu buseruko bw’Uburusiya ku kivuko co mu buseruko c’i Vladivostok, ejo kuwa gatatu canke kuwa kane.

Buzoba bubaye ubwa mbere abategetsi ba Koreya ya ruguru n’Uburusiya bagize inama kuva Kim Jong Il se w’umutegetsi w’ubu abonanye na Dmitry Medvedev haraheze imyaka umunani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG