Uko wahagera

Perezida Xi Jinping Aragendera Koreya ya Ruguru


 Prezida Xi Jinping w'Ubushinwa na mugenzi we Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru
Prezida Xi Jinping w'Ubushinwa na mugenzi we Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru

Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping ari mu rugendo muri Koreya ya Ruguru. Ni urugendo rugamije gukomeza ubucuti n’ugufashanya hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Vyitezwe ko mu mubonano Xi Jinping azogirana na mugenzi we Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru bazorabira hamwe ingene ibiganiro vyahagaze hagati ya Amerika na Koreya ya Ruguru ku vyerekeye ibirwanisho ruhonyanganda vya Nikleyeri vyokongera gutangura.

Mu misi ibiri azomara muri Koreya ya Ruguru, Prezida Jinping azogendera kandi inzu ndangamurage, Friendship Tower, yitiriwe abasirikare b’Abashinwa baguye ku rugamba bashigikira bagenzi babo bo muri Koreya ya Ruguru. Vyari mu ntambara hagati ya Koreya ya Ruguru n’iy’Epfo mu 1950.

Hari haheze imyaka 14 ata mutegetsi w’Ubushinwa agendeye Koreya ya Ruguru. Xi Jinping na Kim Jong Un yamara baramaze kubonana. Ku ncuro zose babonanye ni Kim yaba yagendeye Ubushinwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG