Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yagerageje Ikindi Gisasu


Indongozi ya Koreya ya ruguru Kim Jong Un, aherekejwe n'abategetsi babiri ba gisirikare araba imyimenyerezo y'indege za gisirikare, 16/04/2019
Indongozi ya Koreya ya ruguru Kim Jong Un, aherekejwe n'abategetsi babiri ba gisirikare araba imyimenyerezo y'indege za gisirikare, 16/04/2019

Igihugu ca Koreya ya ruguru caragerageje ikindi gisasu, nkuko vyashikirijwe n’ibimenyeskamakuru ejo kuwa kane.

Kim Jong Un niwe yari abihagarariye kandi yariko arakigendereza iyo gitumbera ejo kuwa gatatu, avuga ko vyagenze neza, nkuko vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’aho muri Koreya ya ruguru.

Ico kimenyeshamakuru nticatomoye ubwoko bw’ico gisasu cageragejwe, ariko bisa n’uko kitari mu bwoko bwa Misile.

Uko kugeregeza ico gisasu gushobora kuba ari ukugabisha Reta zunze ubumwe za Amerika, mu gihe ibiganiro hagati y’ivyo bihugu bibiri kuri porogaramu ya Nikleyeli ya Koreya ya Ruguru bisa nuko ataco biriko birashikako.

Umwe mu bategetsi mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika yashikirije kur’uyu wa gatatu ku mugoroba ko baza bamenye amakuru y’iryo gerageza, ariko ntiyashimye kugira ico abivuzeko.

Koreya ya ruguru nyiyari bwasubire kugerageza ikirwanisho ca Nikleyeli canke Misile mu kiringo c’umwaka, kuva Kim atanguye kuganiro na Amerika hamwe na Koreya y’epfo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG