Uko wahagera

Joe Biden Yagenye Umuyobozi wa USAGM Itwara Ijwi ry'Amerika


Kelu Chao yagenywe nk'umuyobozi w'imfatakibanza wa USAGM
Kelu Chao yagenywe nk'umuyobozi w'imfatakibanza wa USAGM

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika Joe Biden yagenye umupfasoni, Kelu Chao, mu kibanza c’umuyobozi w'imfatakibanza w'ikigo ca Reta kijejwe ivy'itangazamakuru mpuzamakungu akaba ari na co kiyobora Ijwi ry'Amerika, USAGM.

Umupfasoni Kelu agenywe muri ayo mabanga inyuma y’aho ejo ku munsi wa gatatu Michael Pack, yari yashikanywe muri ico kibanza na Donald Trump atangiye imihoho. Mu butumwa bwa Email yandikiye abakozi b’Ijwi ry’Amerika bose yegura, Michael Pack, yagize ati: “ Bagenzi dukorana, ubutegetsi bushasha bwansavye gutanga imihoho. Nabikoze saa munani.”

Muri ubwo butumwa, uwo yahora atwara ikigo USAGM kibarizwamwo Ijwi ry’Amerika, yashimiye abakozi bose ababwira ko ubwiwe yishimiye cane imigambi mishasha yaranguye mu mezi umunani yari amaze ayobora ico kigo, agirako yibutsa ko iki kigo ataho cegamiye: Ibi yamara hari abamwagirije kuva agishika ku butegetsi ko imikorere yiwe yari itandukanye n'ako karangamutima ka USAGM. Hari mbere n'umurwi w’abamenyeshamakuru haheze indwi banditse ikete risaba ko umuyobozi w’Ijwi ry’Amerika, Robert Reilly, n’icegera ciwe bokurwa mu mabanga yabo.

Abo bamenyeshamakuru babisavye basigura ko abo bategetsi barenze kubiri n’amategeko abuza Ijwi ry’Amerika kwivanga mu vya politike y’Amerika igihe uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Mike Pompeo, yagendera iri tangazamakuru akanka kwakira ibibazo vy’abamenyeshamakuru, hanyuma umwe mu bakorera Ijwi ry’Amerika mu biro vya presidence y’Amerika yagerageje guhata ibibazo Pompeo bikamuviramwo kugarukanwa ku cicaro c’Ijwi ry’Amerika avanwa mu ngoro y’umukuru w’igihugu.

Hagati aho, Madamu Kelu Chao agiye kuyobora vy’imfatakibanza ikigo, USAGM, ni umuntu ki? Imbere yo guhabwa ayo mabanga, Kelu yatwara ishami rishinzwe indimi zirenga 45 Ijwi ry’Amerika ryumvikanako kw’isi yose. Ni inararibonye mw’itangazamakuru amazemwo imyaka irenga 40, irimwo iyirenga 20 yakoreye Ijwi ry’Amerika akanashingwa amabanga atandukanye arimwo ugutwara ibiro vy’Ijwi ry’Amerika I Hong Kong, ugutwara igisata c’igishinwa kw’Ijwi ry’Amerika n’ica Aziya yo mu Buseruko.

Bamwe mu bamaze kugira ico bavuga kw’igenwa ryiwe barimwo Amanda Bennet yahoze ari umuyobozi w’Ijwi ry’Amerika akaza kwegura inyuma yo kuremerwa n’uwahoze ari perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika Donald Trump. Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Amanda Bennet yanditse ati: " Iri hitamwo ni ryiza cane. Uyu mupfasoni araciye ubwenge. Ni intwari. Arabereye aya mabanga."


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG