Uko wahagera

USA: Inama Nshingamateka Yahamagaje Umuyobozi Mukuru wa VOA


Michael Pack, umuyobozi mushasha mukuru wa USAGM, ikigo gitwara Ijwi ry'Amerika
Michael Pack, umuyobozi mushasha mukuru wa USAGM, ikigo gitwara Ijwi ry'Amerika

Umukuru w’akanama kajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu mu nama nshingamateka y’ico gihugu, yatumyeko umuyobozi mukuru w’ikigo, USAGM, gitwara Ijwi ry’Amerika, kuza kwisigura imbere y’ako kanama igituma yarirukanye bamwe mu bategetsi b’ibisata bitandukanye bitwarirwa muri ico kigo, akabasubiriza n’abegereye ubutegetsi bwa Trump.

Eliot Engel yasavye Michael Pack aheruka kugenwa nk’umukuru wa USAGM, kurenguka igenekerezo rya munani ukwezi kuza kw’indwi. Ikigo USAGM gitwara Ijwi ry’Amerika ntikiravuga niba uwo mutegetsi mushasha ategekanya kwitaba ubwo butumire canke atazobwitaba.

Ku ruhande rwa Sena naho, akanama kajejwe imigenderanire y’Amerika n’amakungu nako kavuze ko umukenguzamateka w’umudemokrate Bob Menendez, amaze imyaka myinshi gusumba abandi muri uwo murwi yasavye igisata kijejwe kugenzura imikorere ya Reta, gutanguza bidatevye amatohoza yo kumenya niba abirukanywe bazize imikorere mibi yabo canke hari ibindi bahorwa.

Mu bayobozi b’ibi bigo bibarizwa muri USAGM Michael Pack yagenywe na Perezida Trump yirukanye mu ndwi iheze, barimwo abarongoye Radio Free Europe na Radio Free Asia. Ku ruhande rw’Ijwi ry’Amerika, umuyobozi wayo Amanda Bennett, n’icegera ciwe Sandy Sugawara, batanze imihoho bavuga ko Pack afise uburenganzira bwo kwicagurira indongozi nshasha z’ico kigo.

Mu kwezi kwa kane Trump yibasiye Ijwi ry’Amerika n’ubuyobozi bwaryo avuga ko “Ivyo bavuga bidahesha iteka igihugu.” Ico gihe yakangisha ko abashingamateka batemeje amazina y’abo yari yarasavye ko boyobora ikigo USAGM kibarizwamwo Ijwi ry’Amerika ashobora guhagarika ibikorwa vy’inama nshingamateka.

Mu butumwa bwa Email Michael Pack ashigikiwe na Prezida Trump yandikiye abakozi, yababwiye ko ico azoshira imbere mu burongozi bwiwe ari ukubahiriza akarangamutima k’Ijwi ry’Amerika n’ubwigenge bwayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG