Uko wahagera

Umuyobozi Mukuru w'Ijwi ry'Amerika Bamwitwariye mu Butungane


Michael Pack umuyobozi mukuru w'ikigo USGAGM
Michael Pack umuyobozi mukuru w'ikigo USGAGM

Ishirahamwe Nyamerika, Open Technology Fund, rikorera mu gisata co kwubahiriza ubwigenge bwo gutangaza amakuru mu buryo bugezweho, ryitwariye umuyobozi mushasha w’ikigo USAGM gitwara Ijwi ry’Amerika.

Michael Pack yagirizwa kuba aheruka kwirukana bidaciye mu mategeko abayobozi batatu b’ibigo byo kumenyesha amakuru: Radio Liberty, Radio Free Europe na Radio Free Asia.

Abitwaye basavye abacamanza ko boburizamwo ingingo y’iyirukanwa ry’abo bategetsi bongera basigura ko ukwirukanwa kwabo gushobora kuzobangamira ukwigenga kw’ivyo bigo.

Yaba Michael Pack canke ikigo USAGM nta n’umwe arishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru barimwo ab’Ijwi ry’Amerika bari bagerageje kwumva ico uruhande rurerwa rugona.

Yemezwa na sena, Michael Pack yarahiye avuga ko azorwanira ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru vyose bibarizwa mu kigo aramutswa, gutyo bigatangaza amakuru adahengamiye ku vyiyumviro vya politike ka naka.

Bimwe mu binyamakuru birimwo New York Times na Washington Post, vyasesanguye yamara bivugako, bifatiye ku myumvire yiwe ya politike n’imigenderanire afitaniye na Perezida Donald Trump,bizohava bigorana ko imvugo ijana n’ingiro.

Mu kwezi kwa kane Trump yifatiye mu gahanga Ijwi ry’Amerika n’ubuyobozi bwaryo avuga ko imikorere mibi yaryagirije yaterwa n’uko inama nshingamateka yatebeje kwemeza Michael Pack nk’umukuru w’ikigo USAGM gitwara Ijwi ry’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG