Uko wahagera

Ikigo Ca Amerika c'Itangazamakuru Mpuzamakungu Citeze Kuzoronka Umuyobozi Mushasha


Michael Pack (Manifoldproductions.com)
Michael Pack (Manifoldproductions.com)

Ibiro vya Prezida wa Amerika Donald Trump bitaganza ko vyiteguriye gushira mu mabanga y’ubuyobozi bw’ikigo ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gishinzwe itangazamakuru, Ijwi ry’Amerika ryegukira, BBG mu mpfunyapfunyo y’icongereza, Michael Pack.

Pack azwi kuba agendera ku mico kama (umukonservateri), yari asanzwe ari umuyobozi w’ikigo gitegura amasanamu ya film, y'ikigo Manifold Production.

Afise ubumenyi bwinshi muvyerekeye uburyo bw’itangazamakuru butandukanye. Yahoze kandi ari icegera c’umukuru w’ikigo c'itangazamakuru Corporation for Public Broadcasting, aba kandi umukuru w’ikigo ca televiziyo n’amareresi (filme) citwa Worldnet.

Pack yemejwe n’inama nshingamateka ya Amerika, azoca asubirira John Lansing muri ayo mabanga y’ubuyobozi bwa BBG, ikiringo c’imyaka itatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG