Uko wahagera

Haiti: Abacamanza Banse Gutohoza ku Rupfu rwa Prezida Moise


Umupfakazi wa Prezida Moise Jovenel Akiva Kwivuza Inyuma y'Igitero Cahitanye Umugabo Wiwe
Umupfakazi wa Prezida Moise Jovenel Akiva Kwivuza Inyuma y'Igitero Cahitanye Umugabo Wiwe

Ubutungane bwa Haiti bwabuze umucamanza yemera gukora amatohoza ku rupfu rwa Prezida Jovenel Moise yagandaguwe n’abantu bamusanze ku muhana mu kwezi guheze.

Umwe mu bacamanza bo muri Haiti atashimye ko amazina yiwe atangazwa ku mvo z'umutekano, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, ko “ino dosiye iturira kandi ari iya politike. Ku yikorako amatohoza bisaba kurinda cane no kwiyumvira ku mutekano wawe bwite n’uw’abaryango bawe.”

Iryo soko rya AFP ribandanya rivuga ko umushingwamanza mukuru wa Haiti, Bernard Saint-Vil, yagerageje guhumuriza abacamanza batandukanye ababwira ko yasavye reta kuzobakingira ariko ntihagira ikivamwo.

Mu ntango z’ino ndwi, Saint Vil yari yavuze ko amazina y’abacamanza bazokora amatohoza azotangazwa ku wa kane. Iki kiringo rero gishobora kutubahirizwa kuko ata n’umwe ariko arerekana ishaka ryo guhabwa ako kazi.

Abamaze gutabwa muri yompi muri ino dosiye ni 44 barimwo abapolisi ba Haiti 12, n’abakomoka muri Colombiya 18. Uwari atwara abajejwe gucungera umutekano wa Nyakwigendera Jovenel Moise ari mu batawe muri yompi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG