Uko wahagera

Madamu wa Prezida wa Haiti Aheruka Kwicwa Yatahutse ava Kwivuza


Martine Moise Agishika muri Haiti
Martine Moise Agishika muri Haiti

Umutambukanyi wa Jovenel Moise yahoze ari Prezida wa Haiti yatahutse mu gihugu ciwe inyuma y’igandagurwa ry’umugabo wiwe. Martine Moise yari amaze hafi indwi zibiri ari kuvurirwa mu bitaro vyo mu gisagara ca Miami kiri muri Reta ya Florida aha muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika. Yacitse kw’icumu igenekerezo ry’indwi uku kwezi, aho abishe umugabo wiwe babasanze ku muhana wabo bwite, hama babamijaguriramwo amasasu ariko we Imana irakinga ararokoka.

Nta jambo na rimwe yigeze avuga ashitse muri Haiti. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abanyamerika, AP, Ijwi ry'Amerika rikeshaino nkuru ryavuze ko yatahukanywe n’indege yihariye idatwara izindi ngenzi (Private Jet) itavuzwe uwo yegukira. Yari yambaye ikanzu yirabura iriko ikoti itamenwa n’amasasu. Ukuboko kwiwe nako kwariko ibipasuma, n’ibindi bikoresho vyo kwa muganga bigushigikiye.

Abahinga mu vya politike ya Haiti babwiye AP ko bitangaje ingene yihuse gutahuka. Abavuganye n’iryo tororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika basesanguye bavuga ko ugutahuka kwiwe gushobora kuba gusiguye ko yipfuza kwinjira muri politike ya Haiti

Bitegekanijwe ko Nyakwigendera Jovenel Moise ashingurwa igenekerezo rya 23 uku kwezi kw’indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG