Uko wahagera

ONU: Akanama Kajejwe Umutekano mu Mubobano Wihuta kuri Haiti


Nyakwigendera Perezida wa Haiti, Jovenel Moise Ashushanijwe hafi y'aho yagandaguriwe n'abitwaje inkoho i Port-au-Prince, Haiti, Kw;itariki ya 7-7/2021
Nyakwigendera Perezida wa Haiti, Jovenel Moise Ashushanijwe hafi y'aho yagandaguriwe n'abitwaje inkoho i Port-au-Prince, Haiti, Kw;itariki ya 7-7/2021

Akanama ka ONU kajejwe umutekano katumyeko inama yihuta kuri uyu wa kane ku kibazo ca Haiti, mu gihe perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yaneguye ubwo bwicanyi kandi avuga ko Amerika yiteguye gufasha mu buryo bwose bushoboka.

Reta zunze ubumwe za Amerika kandi yasavye Haiti kubandanya n’umugambi w’amatora yari asanzwe ategekanijwe mu mpera z’uyu mwaka. Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, Ned Price, yavuze ko ibi bishobora kugumiza igihugu mw’ituze inyuma y’iyicwa rya Perezida Jovenel Moise.

Price yavuze ko amatora ari yo azotuma ubutegetsi busabikanywa mu mahoro kuri perezida mushasha azotorwa.

Moise yari atwaye Haiti kw’itegeko, inyuma y’aho amatora y’abashingamateka yo mu 2018 atabereye bitewe n’impari z’abanyeporitike, ku kutumvikana ryari ikiringo ciwe cari kurangirira.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yahamagariye abanya-Haiti kuguma biyunze kandi birinde ico cose cotuma bacanamwo bakinjira mu bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG