Uko wahagera

Prezida wa Haiti Jovenal Moise Yiciwe ku Mahana Iwe


Umuhisi Jovenel Moise yahora ari Prezida wa Haiti
Umuhisi Jovenel Moise yahora ari Prezida wa Haiti

Prezida wa Haiti Jovenal Moise yaraye agandaguriwe ku muhana iwe bwite (Residence Privée) n’abantu bataramenyekana. Umushikiranganji wa mbere w’imfata kibanza muri ico gihugu, Claude Joseph abicishije mw’itangazo, yatangaje ano makuru avuga ko nyakwigendera yishwe urw’agashinyaguro.

Umupfasoni w’Umuhisi Jovenal yakomerekeye muri ico gitero nkuko iryo tangazo ribandanya ribivuga. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru ryasesanguye rivuga ko igandagurwa ry’uyu mutegetsi rishobora kuvyura icuka kibi cari kimaze igihe kiri muri ico gihugu cugarijwe n’ubukene buvanze n’ikena ry’ibiribwa.

Umushikiranganji wa mbere w’imfata kibanza muri Haiti, yahumurije ariko avuga ko ingingo zose zo gukumira akajagari no gukingira igihugu zamaze gufatwa.

Jovenal Moise agandaguwe ku myaka 53. Kuva ashika ku butegetsi mu 2017, yahuye n’ibigeragezo vy’imyiyerekano y’abanyagihugu itavanako. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri uno mwaka vy’umwihariko bamwagirije ko ashaka gushiraho intwaro y’igitugu mu kwiyongera iyindi manda. Ni ivyagirije yamye yamirira kure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG