Uko wahagera

Haiti: Umufasha wa Prezida Moise Yavuze Uko Umugabo Wiwe Yishwe


Uwahoze ari Prezida wa Haiti Jovenel Moise n'umutambukanyi wiwe Martine Moise
Uwahoze ari Prezida wa Haiti Jovenel Moise n'umutambukanyi wiwe Martine Moise

Umupfakazi yasizwe na Prezida wa Haiti Jovenel Moise yasiguye uko umufasha wiwe yagandaguwe ku wa gatatu. Mu butumwa bw’Ijwi (Audio) yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter mu rurimi rw’igi Creole, Martine Moise yavuze ko abishe umugabo wiwe binjiye mu nzu yabo, bamijagura amasasu ku mucance wiwe.

Muri ubwo butumwa yarungitse ari mu bitaro arwariyemwo I Miami muri Reta ya Florida iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Madamu wa Nyakwigendera Moise yasiguye ko abamwishe babikoze mu mwanya muto cane, ku buryo atashoboye kuvuga n’ijambo na rimwe rya nyuma. Yavuze ko abo yise inkozi z’ikibi zihebuje zashaka kuzivya burundu umugabo wiwe, no kuzimya indoto ziwe nziza n’ivyiyumviro vyiwe.

Martine Moise muri ubwo butumwa yagize ati: “ Ndashima Imana ko narokotse muri ico gitero, naho caguyemwo umugabo wanje Moise nakunda. Abakoze iri bara, ni abicanyi ruhebwa! Ntawokwica umuntu nka Moise Jovenel atari inkozi y’ikibi yo ku rwego rwo hejuru.”

Abajejwe umutekano muri Haiti baramaze guta muri yompi bamwe mu bacangero 28 bagandaguye Prezida Moise. Mu gihe bakibandanya kurondera abandi, bavuze ko hakiri igipfungu cinshi ku wa batumye gukora iryo bara, n’igituma bararikoze.

Moise Jovenel w’imyaka 53 yagandaguwe ku musi wa gatatu w'ino ndwi n’abantu bitwaje ibirwanisho bavuga icongereza n’iki espagnole, yagiye ku butegetsi mu kwezi kwa kabiri ko mu 2017. Abamurwanya bavuga ahanini ko yarengeje manda yiwe, mu gihe we yasigura ko agisigaje umwaka umwe wo gutegeka.

Amwe mu makuru ari muri iyi nkuru, Ijwi ry’Amerika riyakesha itororokaniruzo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, n’iry’abongereza, Reuters.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG