Uko wahagera

Papa Fransisko ku Ncuro ya Mbere Yinjiye Ibitaro Yabonetse mu Bantu


Papa Francisko ariko atanga umugisha ahagaze kw'ibaraza ry'ibitaro arwariyemwo
Papa Francisko ariko atanga umugisha ahagaze kw'ibaraza ry'ibitaro arwariyemwo

Umwungere wa Ekleziya Katororika Papa Fransisko uno munsi ku wa Mungu yabonetse mu bantu ku ncuro ya mbere kuva yinjiye ibitaro kubarwa amara.

Ahagaze kw’ibaraza y’ibitaro arwariyemwo mu kiringo c’iminota 10, yashimiye abamusengeye bose, yongera avuga ko abaganga n’abakora muri ico gisata ari ingabire idasanzwe y’Imana. Itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, Ijwi ry’Amerika rikesha ano makuru ryavuze ko agitangura kuvuga iryo jambo, ijwi ryiwe ryarimwo inguvu nke.

Ijambo ryiwe yarivuze kw’isaha ahora aherako umugisha abantu iminsi yose ku wa Mungu ari aho aba I Roma. Yagize ati: “Ndahimbawe ko isango ryanje ryo ku wa Mungu ndaryubahirije naho ndi kwa muganga. Mwarakoze cane kunsengera.” Muri iryo jambo, Papa Fransisko yavuze ko ukwinjira mu bitaro vyaje bimutahuza gusumba ko ari ngonbwa ko ibihugu vyose bigira igisata citaho amagara y’abantu gitunganije neza.

Biramenyerewe ko ku wa Mungu Papa agaruka ku bibazo bitandukanye bihanze isi. Uno munsi, yavuze ko afise ku mutima abanyagihugu bo muri Haiti baheruka kubura Prezida wabo yishwe agandaguwe urw’agashinyaguro mu ku wa gatatu w'ino ndwi, yongera asengera amahoro n’umutekano birama muri ico gihugu

Papa Fransisko w’imyaka 84 yinjiye ibitaro ku wa Mungu. Akivyinjira, Vatikano yavuga ko azobisohoka mu kiringo kitarenze iminsi indwi. Ubuvugizi bw’Ubwungere bw’Ekleziya Katorika bwavuze ko atera yoroherwa, ariko ntibwigeze butomora ryari azosohoka ibitaro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG