Uko wahagera

Vatikano Itangaza ko Ibagwa rya Papa Fransisiko Ryagenze Neza


Papa Francisiko aramutsa isinzi ry'abayoboke ba Ekleziya mu kibanza ca St.Peter's Square, i Vatican, kw'itariki ya 4/07/2021
Papa Francisiko aramutsa isinzi ry'abayoboke ba Ekleziya mu kibanza ca St.Peter's Square, i Vatican, kw'itariki ya 4/07/2021

Abategetsi b’I Vatican bavuze ko ukubagwa amara kwa Papa Francisiko kwabereye mu bitaro vy’i Roma kwagenze neza nkuko vyari vyateguwe.

Ubutegetsi bw’i Vaticano ariko nta vyinshi bwashimye kuvuga ku kuntu amerewe. Umuvugizi wiwe, Matteo Bruni, ntiyavuze ikiringo ivyo bikorwa vyo kumubaga vyamaze canke uko vyagenze muri rusangi. Bruni ntiyavuze kandi nimba Papa yaciye agarukana ubwenge inyuma yo guterwa umuti wo kumusinziriza, anesthesie, canke ikiringo ategekanya kumara muri ivyo bitaro.

Amakuru y’iyinjira mu bitaro vy’Umwungere wa Ekleziya Katorika yari yatangajwe amasaha make abonetse ariko aramutsa abakirisu i Roma aho aba. Abaramutsa, yababwiye ko mu kwezi kwa cenda azogendera ibihugu vya Hongriya na Slovakiya mu kwezi kw’icenda uno mwaka.

Papa Fransisko w’imyaka 84, ku wa Mungu yari yasavye abakirisu kumusabira, ariko naho atabitomoye yasa n'uwusaba gusengerwa kubera iryo sango ryo kubarwa. (AP-EU)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG