Uko wahagera

Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisko Yinjiye Ibitaro


Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisko
Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisko

Umwungere wa Ekleziya Katorika Papa Fransisko kuri uno wa Mungu yinjiye ibitaro aho agiye kubarwa amara makuru (Intestin mu gifaransa).

Vatikano yatangaje ano makuru ivuga ko ibitaro yinjiye ari ivy’i Roma. Ntiyavuze yamara ryari bitegekanijwe ko azobarwa. Itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, Ijwi ry’Amerika rikesha iyi nkuru, ryatangaje ko Vatikano yavuze ko ayandi makuru izoyatanga ibikorwa vyo kumubaga biheze.

Amakuru y’iyinjira mu bitaro vy’Umwungere wa Ekleziya Katorika yatangajwe amasaha make abonetse ariko aramutsa abakirisu i Roma aho aba. Abaramutsa, yababwiye ko azogendera ibihugu vya Hongrie na Slovakia mu kwezi kw’icenda uno mwaka.

Papa Fransisko w’imyaka 84 ku wa Mungu yari yasavye abakirisu kumusabira. AP ikavuga ko naho atabiduduriyeko, yariko asaba gusengerwa kubera iryo sango ryo kubarwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG