Uko wahagera

Bamwe mu Bagirizwa Kwica Prezida wa Haiti Barigeze Guhugurwa na USA


Bamwe mu Bagirizwa Kugandagura Prezida Moise Jovenel
Bamwe mu Bagirizwa Kugandagura Prezida Moise Jovenel

Bamwe mu banye Colombiya bahagaritswe bagirizwa kugandagura uwahoze ari Prezida wa Haiti muri kahise bararonkejwe inyigisho za gisirikare na Reta Zunze Ubumwe z'Amerika.

Mw’itangazo umuvugizi w’ibiro bikuru vya gisirikare muri Amerika, yarungikiye Ijwi ry’Amerika yavuze ko ibi babibonye bariko baraba urutonde rw’amazina y’abo bigeze guha amahugurwa. Liyetena Coloneli Ken Hoffman ntiyatomoye ariko ryari iyo myimenyerezo bayihawe, na hehe yabereye.

Muri iryo tangazo Liyetena Coloneli Ken Hoffman yumvikanishije ko Ubushikiranganji bujejwe umutekano w’Amerika ku mwaka ku mwaka butanga inyigisho ku basirikare ibihumbi n’ibihumbi bava muri Amerika y’Epfo, yo Hagati no mu ma Karayibe ( Caribbean). Izo nyigisho yibukije ko ziba zishimikiye ku kwubahiriza agateka ka zina muntu, no kubaha inzego zashikiriye ubutegetsi biciye mu nzira ya Demokarasi. Nta birenze aho yavuze.

Ejo ku wa kane, Prezida wa Colombiya nawe yabwiye imwe mu maradiyo akorera muri ico gihugu ko abenshi mu banye Colombiya bafunzwe bagirizwa kugangadura Prezida Mosie Jovenel wa Haiti babiguyemwo babeshwa ko bagiye gucungera umutekano wa nyakwigendera.

Umukuru wa Polisi ya Haiti Leon Charles avuga ko abanye Colombiya bafashwe bagirizwa urupfu rwa Moise Jovenal ari 18. Uwo mutegetsi twibutse ko yagandaguriwe ku muhana iwe bwite igenekerezo ry’indwi uku kwezi. Umushikiranganji wa mbere w’imfata kibanza wa Haiti yavuze uno munsi ko umutambukanyi w’Umuhisi Moise yakomerekeye muri ico gitero ariko aratora ka mitende.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG