Uko wahagera

Haiti: Bitegekanijwe ko Reta Nshasha Ishirwaho ku Musi wa Kabiri


Umushikiranganji wa mbere w'imfatakibanza wa Haiti, Claude Michel yatanze imihoho kugira arekurire reta nshasha gushirwaho
Umushikiranganji wa mbere w'imfatakibanza wa Haiti, Claude Michel yatanze imihoho kugira arekurire reta nshasha gushirwaho

Nkuko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, A FP, umushikiranganji w’imfatakibanza wa Haiti, Claude Joseph yayoboye ico gihugu kuva Prezida Jovenel Moise agandaguwe, yemeye gutanga imihoho kugira arekurire reta nshasha iyobowe n’uwo Moise yahisemwo imisi mikeyi imbere yuko yicwa gushirwaho.

Nta mukuru w’igihugu reta nshasha bitegekanijwe ko itangura ibikorwa vyayo uno musi ku wa kabiri, izoba ifise. Izoshingwa igikorwa c’ugutegura amatora mu buryo bwihuta bushoboka

Moise yahisemwo Ariel Henry gusubirira Claude Joseph mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere imisi mikeyi imbere yuko yicwa arashwe i Muhira iwe ku muarwa mukuru, Port-au-Prince mu masaha yo mu gitondo ca kare kw’italiki 7 y’ukwezi kw’indwi. Henry niwe azorangura ayo mabanga muri iki gihe.

Yamara amasaha makeyi inyuma y’igandagurwa rya Prezida Moise, Claude Joseph yatangaje ko ariwe ayoboye igihugu mu vyatumye haba ukuniganira ubutegetsi na Ariel Henry.

Ivyatangajwe ku musi wa mbere vyerekeye ishirwaho rya reta nshasha bisa n’ibizotuma ico kibazo kirangira.

Claude Joseph azosubira mu mabanga yiwe yahoramwo y’umushikiranganji ajejwe imigenderanire muri reta nshasha.

Vyari bitegekanijwe ko Haiti igirisha referandumu kw’ibwirizwa nshingiro mu kwezi kw’icenda kw’uyu mwaka w’i 2021.

Ni inyuma yuko yigijweyo incuro zibiri bivuye ku kiza ca Covid-19.

Prezida Jovenel Moise azoshingurwa ku musi wa gatanu mu gisagara ca Cap-Haitien mu buraruko bw’igihugu. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG