Uko wahagera

Donald Trump na Joe Biden mu Myiyamamazo Yabo ya Nyuma


Abakandida, umurepublikani Donald Trump, n'umudemokrate, Joe Biden bariko biyamamariza muri Reta ya Florida uno musi ku wa kane imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu azoba kw'italiki 3 y'ukwezi kuza kw'icumi na rimwe

Hasigaye imisi itanu ngo abanyamerika baje mu matora ya perezida w’igihugu. Mu matora yose y’umukuru w’igihugu yabaye kuva mu mwaka w’i 1996, umukandida yatsinze reta ya Florida yaratsindiye ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Iyi reta ya Florida igira amajwi 29 ku majwi 270 akenewe y’intumwa ziserukira abatora mu mareta atandukanye agize igihugu akenewe kugira umukandida atahire intsinzi.

Prezida Trump yatanguye umusi wiwe w’ukwiyamamaza mu kugirisha ikoraniro mu gisagara ca Tampa imbere yuko aja kugirisha ikoraniro ryo ku muhingamo muri Reta ya Carolina yo mu buraruruko.

Bitegekanijwe ko umukandida, Joe Biden, yahoze ari icegera ca prezida, ashikiriza ijambo abamushigikiye mu gice ca komine Broward mu masaha yo ku mutaga uno musi ku wa kane. Mu nyuma yaho aza gishikiriza ijambo mu gisagara ca Tampa ku muhingamo w’uyu musi ku wa kane.

Abanyamerika barenga imiliyoni 76 baramaze gutora gushika mu masaha ya kare y’uno musi ku wa kane. Ni ukuvuga abarenga ica kabiri c’abatoye muri rusangi mu mwaka w’i 2016. Abatoye ico gihe muri rusangi mu gihugu hose bari imiliyoni 138.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG