Uko wahagera

USA: Imyiyamamazo y'Abakandida Irabandanya


Umukandida w'abademokrate Joe Biden ashitse aho ashikiririza ijambo mu myiyamamazo i Durham, Carolina y'Uburaruko, wk'itariki 18-10 2020.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Perezida Donald Trump hamwe n’umudemokrate bazohiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu, Joe Biden, bagendeye kuri uyu w’Imana amareta ya Nevada na Carolina y’uburaruko aho bateye intege abanyagihugu bariko baratora, imbere y’umusi nyezina w’amatora.

Kaminuza ya reta ya Florida ivuga ko abanyamerika hafi imiliyoni 27 n’ibihumbi 700 bamaze gutora mu gihugu cose bakoresheje uburyo bwa posita canke bishikiye ku bibanza vy’amatora. Amatora nyezina azoba kw’itariki 3 z’ukwezi kwa cumi na kumwe. Ubwinshi bw’abo bariko baratora muri iki gihe buhabwa insiguro yo gutinya ibigwi vy’abantu ku musi w’itora mu ntumbero yo kwirinda kwandura COVID-19.

Muri Carolina y’uburaruko, reta abakandida bama barwanira kuronkamwo amajwi menshi, abanyagihugu baho barenga umuliyoni n’ibihumbi 400 mu biyandikishije kuri uyu w’Imana bari bamaze gutora. Kandida w’umugambwe w’abademokrate Joe Biden yahamagariye abanyagihugu gutora kare kandi mu maguru masha.

Perezida Trump, uyu w’Imana yagendeye reta ya Nevada, aho yizigiye kuzohatsinda, inyuma yo kuyitsindwamwo mu matora yo mu 2016. Gutora muri iyo reta vyatanguye ku musi wa gatandatu.

Perezida Trump muri iyi ndwi ategekanya kwiyamamariza mu mareta ya Arizona, Carolina y’uburaruko, nkuko vyashikirijwe n’umurwi umutunganiriza imyiyamamazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG