Uko wahagera

Abenshi mu Banyagihugu b'i Buraya Bipfuza ko Biden Atsinda Trump


Ifoto ya Perezida Donald Trump na Joe Biden
Ifoto ya Perezida Donald Trump na Joe Biden

Abanyagihugu benshi baba mu bihugu vya Bulaya biteye imbere bipfuza ko umukandida w’umudemokrate Joe Biden, yegukana intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu aha muri Amerika.

Ishirahamwe ryo mu Bwongereza, YouGov, rikora amatohoza n’ubushakashatsi ribivuga, risigura ko rishingiye ku nyishu ryahawe n’abanyagihugu riherutse kubaza ryasanze ibice 80 kw’ijana ry’abo bipfuza intsinzi ya Joe Biden, mu gihe ibice 6 kw’ijana bayipfuriza Perezida Donald Trump.

Ishirahamwe YouGov ayo matohoza ryayakoreye mu Bwongereza, mu Bufaransa, muri Esipanye, Ubutaliyano, Danemark no muri Swede. Ubutaliyano bwaje imbere mu bwinshi bw’abanyagihugu bavuze ko bashigikiye ko umurepublikani Donald Trump yotsinda: Ibice 20 kw’ijana vy’ababajijwe muri ico gihugu bavuze ko amahirwe bayipfuriza Trump, ariko naho biri uko, muri ico gihugu nyene, ibice 58 kw’ijana bishigikiye intsinzi ya mukeba wa Trump ari we Joe Biden.

Mu Bwonegereza, ibice 61 kw’ijana vy’abanyagihugu babajijwe na YouGov bari ku ruhande rwa Joe Biden, 13 kw’ijana bakaba ku ruhande rwa Trump. Mu Bufaransa, 64 kw’ijana ni ego kuri Biden, 14 kw’ijana bakaba ego kwa Trump. Mu Budagi, ibice 71 kw’ijana vy’abanyagihugu bipfuza intsinzi y’abademokrate, 11 kw’ijana bagashaka ko Perezida Trump yongerwa manda.

Umwe mu banyagihugu babajijwe n’Ijwi ry’Amerika I Berlin ku murwa mukuru w’Ubudagi yagize ati: “Ubwanje naho ntaba muri Amerika, bikaba bitanyega bwite, ndashaka ko Biden atsinda.” Mu Bufaransa abanyagihugu benshi mu babajijwe vyaboneke ko ata vyinshi bazi ku mukandida Joe Biden, naho bamwipfuriza gutsinda nkuko YouGov ibisigura. Nk’uwitwa Sophie Chiles aba I Paris yishuye agira ati: “ Ndashaka ko Trump atsindwa, ariko sindavyizera ko azotsindwa kuko afise abantu benshi bamushigikiye. Nta vyinshi nzi kuri Biden.”

Uwitwa Pierre le Goff akorera muri reta mu Bufaransa we yabwiye Ijwi ry'Amerika ko nubwo atazi ko Biden yoba umutegetsi mwiza, ihinduka ry’inzego muri Amerika ata nkeka ko ryotuma imigenderanire y’Ubufaransa na Amerika iba myiza gusumba.

I Barcelona muri Espanye, abenshi mu babajijwe basanga ibizova mu matora y’Amerika vyanke bikunde bizobagirako ingaruka. Hari nk’uwabisiguye agira ati: “Twarabibonye ku ntwaro ya Trump ingene amatati mu vy’ubudandaji n’Ubushinwa kimwe na Bulaya yagize ingaruka ku buzima bw’abanyaburaya n’abanyaziya”

Amatora rusangi muri Amerika ategekanijwe kw’igenekerezo rya gatatu ukwezi kuza kwa cumi na rimwe.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG