Uko wahagera

Trump na Biden Bahanganye mu Kiganirompaka Kigira Kabiri


Perezidat Donald Trump, ibubamfu, atunga urutoke kandida w'umudemokrate, yahoze ari icegera ca perezida, Joe Biden, iburyo, mu kiganiro mpaka kigira kabiri n'ca nyuma ku matora. Kuri kaminuza ya Belmont, i Nashville, muri Tennessee.
Perezidat Donald Trump, ibubamfu, atunga urutoke kandida w'umudemokrate, yahoze ari icegera ca perezida, Joe Biden, iburyo, mu kiganiro mpaka kigira kabiri n'ca nyuma ku matora. Kuri kaminuza ya Belmont, i Nashville, muri Tennessee.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump n’uwo bahiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu, umudemokrate Joe Biden, bongeye guhangana mu kiganiro c’impaka mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane, mu gihe Amerika ikiza imbere y’ibindi bihugu kw’isi mu kwandura umugera wa corona.

Kibaye ikiganiro kigira kabiri n’ica nyuma, kandi kibaye ku misi 12 imbere y’itariki ya 3 y’ukwezi kwa cumi na kumwe ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu.

Biden yagarutse ku kunegura Perezida Trump, ko atagira umugambi wo kurwanya burundu uwo mugera umaze guhitana ubuzima bw’abarenga 220 000 muri Amerika. Biden yagize ati “uwo wese yagize uruhara kugira abantu bangana ukuraho bapfe, ntakwiye kuguma ku butegetsi. Ati uyu muperezida ni we nyene yavuze ko uwo mugera uzoba warangiye mu gihe caheze ca pasika.”

Perezida Trump yagirije Biden kuba yipfuza kuzokwugara igihugu cose mu guhagarika imirimo kugira uwo mugera ntubandanye ukwirakwira, mu gihe yoba perezida.

Abo bakandida babiri, bari mu rugero rw’imyaka 70, bashoboye kwubahiriza ivyo basavye mu kuguma bahoze igihe uyundi yariko aravuga, cane cane igihe bariko barisigura ku kibazo ca Covid-19.

Cabaye ikiganiro gitandukanye kure n’icabaye mu mpera z’ukwezi kw’icenda, aho abo bakandida baguma baciranamwo mu majambo, Trump abigira cane kuruta Biden, mu co abahinga muri politike bavuze ko cabaye ikiganiro kibi cane kitigeze kuba mu biganiro vy’impaka vy’abakandida baharanira gutorwa muri Amerika.

Ikiganiro co kuri uru ya kane cabereye kuri kaminuza ya Belmont, mu gisagara ca Nashville, muri reta ya Tennesse, aho bishura ku bibazo vy’umunyamakuru wa televiziyo, NBC News, Kristen Welker.

Amamiliyoni y’abanyamerika baza baramaze kumenya aho bahagaze kuri aya matora, aho abarenga imiliyoni 47 baza bamaze gutora bishikiye ku biro vy’amatora canke bakoresheje posita. Benshi bavuga ko batinya kuzokwandura uwo mugera ku musi w’amatora, aho imirongo y’abatora vyitezwe ko iba miremire cane ku bibanza vyo gutoreramwo.

Abademokrate benshi bashigikiye umukandida wabo Biden bavuze ko bipfuza kuba aba mbere mu gutora bakura Trump.

Iki kiganiro mpaka co kuwa kane gishobora kuba cabaye amahirwe ya nyuma Trump yari aronse ko kwihindukiza kuri Biden, gushika ubu akiza imbere yiwe mu majwi nkuko ibiharuro vy’ibanze haba ku rwego rw’igihugu n’amareta bivyerekana.

Haruhande y’ikibazo ca Covid-19, umunyamakuru Welker yababajije ku bibazo vy’imiryango y’abanyamerika, ku macakubiri ashingiye ku rukoba, ku bibazo vy’ihindagurika ry’ibihe, umutekano mu gihugu hagati hamwe n’uburongozi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG