Uko wahagera

USA: Trump Ntiyemeranya n'Ibiharuro Bitangwa ku Matora


Abantu batonze barindiriye gutora ku komine ya Douglas i Omaha, muri Nebraska, kw'itariki ya 28-10-2020.
Abantu batonze barindiriye gutora ku komine ya Douglas i Omaha, muri Nebraska, kw'itariki ya 28-10-2020.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Perezida Donald Trump yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu ko ibiharuro vy’amajwi mu mareta akomeye barwanira gutsindamwo ari vyiza kuruta ibitangazwa n’ibigo canke ibinyamakuru bivuga ko aza inyuma ya Joe Biden.

Yabivugiye i Las Vegas muri Nevada imbere yuko kuja muri Arizona kubandanya imyiyamamazo. Ni mu gihe hasigaye imisi 5 imbere y’itariki ya 3 z’ukwezi kuza kwa cumin a kumwe.

Ibiharuro ku rwego rw’igihugu bitangwa vyerekana ko Biden aza imbere ya Trump ku bice 7 canke 8 kw’ijana.

Kubw’ivyo bigo, Trump ari inyuma ya Biden mu mareta ya Michigan, Pennsylvania, na Wisconsin mu gihe abo bakandida bari mbirimbiri mu mareta ya Florida na Carolina y’uburaruko.

Abanyamerika bipfuza gutora kare barabandanya gutora, kugira birinde umurundano ku musi w’amatora no kwirinda ikiza ca Covid-19.

Abashika hafi imiliyoni 75 baza baramaze gutora, mu gihe hasigaye imisi itanu ngo umusi w’amatora nyezina ushike. Baza bamaze kurenga ica kabiri c’imiliyoni zirenga gato 138 batoye mu matora yo mu 2016.

Joe Biden yatoye ku wa gatatu i Wilmington, muri reta abamwo ya Delaware, mu gihe Trump yatoye kuwa gatandatu i West Palm Beach, muri Florida aho yimukiye.

Abahinga muvy’amatora bavuga ko aya matora ashobora kuzokwitabwa n’abantu benshi kuva mu 1908, aho 65 kw’ijana vy’abari bemerewe gutora ico gihe batoye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG