Uko wahagera

Ibihugu vya Bulaya Birarebera Bugufi Amatora yo muri Amerika


Perezida Donald Trump n'uwahoze ari icegera ca perezida, Joe Biden
Perezida Donald Trump n'uwahoze ari icegera ca perezida, Joe Biden

Umuyobozi wa politike mpuzamakungu mu kigo ca Bulaya kijejwe impinduka za politike, Ian Bond, yavuze ko bisanzwe bizwi ko Perezida Trump atari incuti ya OTAN, ko bizera Biden, bisunze kahise kiwe ka politike n’ingene yahaye agaciro iryo shirahamwe.

Ibihugu mu karere ka Bulaya bicuditse na Reta zunze ubumwe za Amerika biriko bikurikiranira hafi Amerika mu gihe itora ry’umukuru w’igihugu ririko ryegereza gushika.

Imigenderanire hagati y’uwo mugabane n’Amerika kuva Perezida Donald Trump ashikiriye ubutegetsi yaratosekaye, kandi abasesenguzi bamwe bavuga ko bimwe mu bihugu vya Bulaya vyizera ko hogaruka ituze mu migenderanire ku butegetsi bwa Joe Biden.

Inyuma gato y’aho Perezida Trump atangarijwe mu 2016 ko atsinze, yabwiye ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ryo kurwaniriza umwansi hamwe, OTAN, ko ritariko rirarwanya iterabwoba. Mu 2017, Trump yarahinduye imvugo yongera kwemera ko ririko rirarwanya iterabwoba kandi ko azorifata mu mugongo, igihe yakira umunyamabanga mukuru waryo, Jens Stoltenberg, muri White House.

Umuyobozi wa politike mpuzamakungu mu kigo ca Bulaya kijejwe impinduka za politike, Ian Bond, yavuze ko bisanzwe bizwi ko Perezida Trump atari incuti ya OTAN, ko bizera Biden, bisunze kahise kiwe politike n’ingene yahaye agaciro iryo shirahamwe.

Ibihugu bishigikiye Trump bivuga ko abantu badakwiye kuraba ivyo avuga ariko boraba ivyo akora. Amerika yararungitse abasirikare benshi n’ibikoresho vya gisirikare muri Polonye mu 2017 mu mugambi wa OTAN, bituma akundwa muri ico gihugu no mu bindi bihugu vyahoze mu bumwe bw’abasoviyeti.

Ibindi bihugu nk’Ubudagi ntibiraba ryiza Trump, kuva aho avyagirije kuba bidatanga uko bikwiye intererano muri OTAN, anagabisha gutahukana abasirikare b’Amerika 20 000 bari muri ico gihugu.

Kuva ku Burusiya gushika ku ntambara muri Libiya no mu karere k’ubuseruko bwo hagati na Turukiya, umugabane wa Bulaya uhanzwe n’ibibazo bitoroshe vy’umutekano. Abasesenguze muri politike bavuga ko Amerika isa n’iyishobora kuzogira uruhara muri imwe imwe muri izi ntambara. Ibihugu vya Bulaya muri OTAN n’Amerika biriko birakurikiranira hafi uwo abanyamerika bashobora kuzohitamwo kuba perezida.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG