Uko wahagera

Trump: OTAN Ikwiye Gushira Inguvu Kw'Iterabwoba


Trump Nato
Trump Nato

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yakariye kur'uyu musi ku wa kane abayobozi b’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN mu kuvuga kw’amafranga akoreshwa mu bijanye n’ukwivuna abansi mur’iryo shirahamwe adahagije.

Perezida Trump yamenyesheje kw’ishirahamwe OTAN ryo muri kazoza ritegerezwa gushimikira kurushiriza ku vyerekeye iterabwoba, abimukira hamwe n’ibibazo biterwa n’Uburusiya.

Ivyo Trump yabishikirije abategetsi b’ishirahamwe OTAN, i Bruxelles ku murwa mukuru w’Ububiligi.

Trump yatangaje kw’ibihugu 23 kuri 28 bigize ishirahamwe OTAN bitariha amafranga vyategerezwa kuriha. Amenyesha kw’ivyo birenganya abanyagihugu bo muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika.

Perezida Trump yongeye kandi avuga kw’igitero ca bombe giherutse kugirwa mu gisagara ca Manchester, mu Bwongereza vyerakana ububisha bw’iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG