Uko wahagera

Ni Izihe Mpinduka Zitezwe mu Muryango OTAN?


Ku cicaro ca OTAN haboneka amabendera y'ibihugu bigize uwo muryango, Bruxelles, mu Bubiligi.
Ku cicaro ca OTAN haboneka amabendera y'ibihugu bigize uwo muryango, Bruxelles, mu Bubiligi.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump ategekanya kuja i Londres ku murwa mukuru w’Ubwongereza, mu nama muri iyi ndwi izomara imisi ibiri, y’abakuru b’ibihugu vyo mu muryango OTAN w’ibihugu vyo mu burengero bw’isi wishinze kurwaniriza umwansi hamwe.

Uwo muryango uriko urahimbaza imyaka 70 iheze uvutse kandi iyi nama itumbereye kuwukomeza.

Ariko abo bategetsi b’Abanyabulaya bariko bitegurira Trump imbere y’iyo nama mu gihe babandanya kwibaza nimba Amerika iciyemeje gushigikira OTAN.

Imbere y’iyi nama, ishirahamwe OTAN ryatangaje ko ryiyemeje kuza riratanga uko bikwiye uburyo bw’amafaranga rikoresha mu bikorwa vya misi yose bitari ivya gisirikare no kugabanya umutwaro w’ayahora atangwa n’Amerika, ingingo bibaza ko izoshimisha Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG