Uko wahagera

Burundi: "Abarenga 100 Barishwe mu Mezi 2 Ubutegetsi Bushasha Bumaze"


Kuri ino foto, urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi, imbonerakure, rwariko ruhangana n'abakoze imyiyerekano mu 2015. Imbonerakure muri raporo shasha ya CNDD-FDD zitungwa agatoke ko ziri mu bagirizwa guhohotera abo batavuiga rumwe.
Kuri ino foto, urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi, imbonerakure, rwariko ruhangana n'abakoze imyiyerekano mu 2015. Imbonerakure muri raporo shasha ya CNDD-FDD zitungwa agatoke ko ziri mu bagirizwa guhohotera abo batavuiga rumwe.

Raporo y’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, Ligue Iteka, yagiye ahabona yerekana ko abantu barenga 100 bishwe mu bice bitandukanye vy’igihugu, mu mezi abiri ya mbere y’ubutegetsi bushasha. Ibi bitigiri birashimangirwa n’ishirahamwe mpuzamakungu Human Right Watch, ry’abanyamerika, na ryo nyene rirabira hagufi ibibera mu Burundi.

Iyo raporo ivuga ko ababangamiwe kurusha abandi ari abatavuga rumwe na Reta cane cane abayoboke b’umugambwe CNL wagize kabiri mu matora aheruka hakiyongerako abaharanira uburenganzira bwa muntu.Yamara, abakora bimwe na Ligue Iteka ariko bobo bakabikorera mu gihugu babwiye Ijwi ry'Amerika ko atariko babibona: Gerard Hakizimana atwara FOLUCON F riwanya ikimenyane na ka mwana wa mama asanga agateka ka zina muntu kifashe neza mu gihugu cose.

Ico bikoze, abahinga ba Ligue Iteka na Human Rights Watch batunga agatoke bamwe mu nzego za Reta nk’urwego rw’iperereza n’urwaruka rw’Imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi ko ari bo baza kw’isonga mu guhohotera uburenganzira bwa muntu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:52 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG