Uko wahagera

Urupfu rwa Nkurunziza Ntiruhagarika Amatohoza ya CPI na ONU


Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi ku vyaha vy’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu uhamagarira Reta nshasha igiye kujaho kwemera gukora na wo mu matohoza yawo. Mu kiganiro cihariye uwutwara uwo mugwi Dudu Diene yahaye Ijwi ry'Amerika avuga ko biteze ko ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rihagarara.

Umugwi w’abashingwamanza batwaye ibirego muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI ku vyaha vyahozwe kuva muri 2015 kuri reta ya nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza, bemeza ko CPI ibandanya akazi kayo. Kuri bo, n’aho uwatwara iyo Reta atakihari, abakekwaho ivyaha bitandukanye bariho.

Umugwi ukora amatohoza ku vyaha vy’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi washizweho na ONU mu 2016. Kuva ico gihe, ubutegetsi ntibwigeze bwemerera yamara abagize uwo mugwi kugera ku butaka bw'ico gihugu cinjiye mu mvururu za politike kuva mu 2015, umuhisi Nkurunziza acitoreza indi manda itigeze ivugwako rumwen'impande zitandukanye.

Maitre Armel Niyongere, umwe mu bagize urunani bise “Collectif des avocats de la partie civile” avuga ko urupfu rwa Perezida Nkurunziza rudahagarika amatohoza ya CPI naho ari ari umwe mu bogize ico babazwa. Kugeza ino saha, CPI ifise amadosiye y'Uburundi arenga 2000.

Amashirahamwe mpuzamakungu akingira agateka ka zina muntu nk’iry’Abayamerika Human Rights Watch nayo yiteze ko ubutungane bukora ku bagirizwa amabi atandukanye yakozwe ku butegetsi bucyuye igihe.

Hgati aho, Lewis Mudge atwara igisata ca Afrika yo hagati muri HRW, yabibwiye Ijwi ry'Amerika ko “Urupfu rwa Perezida Nkurunziza rutabuza ko abakoze amabi kuva 2015 babihanirwa."

Abenshi bakekwako ayo mabi ni urwaruka rw’imbonerakure zegamiye umugambwe uri ku butegetsi, ariko hariho n’abatavuga rumwe na Reta bagirizwa amabi n’abo bakoze. Lewis Mudge mu majambo yiwe yagize ati: " Ego Nkurunziza ntakihari ariko abo bakoranye barahari."

Twagerageje kurondera abashikiranganji b’ubutungane n’uw’agateka ka zina muntu turababura. Iyo tubaronka ku matelefone yabo twari kubabaza ico bavuga ku matohoza ya CPI n’uwo mugwi wa ONU hamwe n’uko imigenderano n’izo nzego yoba igiye kubandanya.

Inkuru yateguwe n'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.

Urupfu rwa Perezida Nkurunziza Ntiruhagarika Amatohoza Atandukanye ku Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:29 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG