Uko wahagera

Dosiye Zirungikirwa CPI ku Bwicanyi mu Burundi Zikomeje Kwiyogera


Bamwe mu ba polisi b'Uburundi mu 2015

Urunani rw’abashingwamanza bakurikirana ivyaha bihanwa n’ama sentare mpuzamakungu CAVIB ruratera ivyatsi ubwicanyi bwabereye muri komine Matana intara ya Bururi, mu bumanuko bw’Uburundi, bugahitana abantu 3 bo mu muryango umwe.

Urwo runani CAVIB ruvuga ari ubwicanyi ndengerabutungane (exécutions extrajudiciaires), ko rugiye Kwitura sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI kugira abakekwa bazokubitwe intahe mu gahanga.

Ubwicanyi bwatumye urunani rw’abashingwamanza bakurikirana ivyaha bihanwa n’amasentare mpuzamakungu CAVIB ruhaguruka ni ubwabaye ku munsi wa gatatu w’iyi ndwi mu bumanuko bw’Uburundi komine Matana intara ya Bururi.

Amatohoza ya mbere yakozwe n’abo bashingwamanza yerekana ko abantu batatu, igipolisi cemanze ko cishe, bari bafashwe, barabohwa, burizwa imodokari kugira baje gufungurwa.

CAVIB ruvuga ko haheze akanya bamaze gufatirwa mu rugo rumwe aho i Rubanga muri komine Matana, baciye bicwa barashwe.

Urwo runani rwibutsa ko mu bumanuko bw’igihugu nyene, haheruka kubera ubundi bwicanyi bwakorewe umutu umwe muri komine Mugamba. N’uwo nyene amakuru CAVIB rufise ni uko yari yafashwe ari mu minwe y’igipolisi.

Maitre Dieudonné Bashirahishize, atwara urwo runani rw’abashingwamanza, ariyamiriza ico we na bagenzi we babona ko ari ubwicanyi ndengerabutungane bwasubiye kwibonekeza.

Umwe muri abo bagabo batatu biciwe i Rubanga muri komine ya Matana, yitwa Pascal Ninganza batazira Kaburimbo. Uwo yahoze ari mu gisirikare c’igihugu ca kera, agatwe kiwe karonderwa n’uwutwara inama nshingamateka, Reverien Ndikuriyo.

Uwo munyacubahiro avuka mu ntara ya Makamba ihana urubibe n’iyo biciwemwo, yabishize ahabona mu mpera z’umwaka uheze, amwagiriza kuba ari inkozi y’ikibi yitwaje ibirwanisho. Agirako yemera amafaranga ku botanga "Agatwe kiwe"

Abo bashingwamanza bamenyesheje ko ico ari icaha gihanwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha nka CPI kandi ko ata nkeka bazoyitura nk’uko babikoze ku bindi vyaha vy’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.

Twagerageje kurondera umushikiranganji w’ubutungane Aimé Laurentine Kanyana kuri telefone yiwe ngendanwa, ariko ntivyadukundiye.

Iyo yitaba, umunyamakuru wa VOA yari kumubaza ko hoba hari amatohoza aratangura kuri ubwo bwicanyi. Ikindi twari kumubaza ni ico yibaza/iciyumviro ciwe ku vyagiriji vy’urunani CAVIB, ko ari ubwicanyi ndengerabutungane kuko abishwe bari bamaze gufatwa, nk’uko biri mu rwandiko rwa CAVIB.

Ico bikoze, mw’itangazo rigufi ry’igipolisi ku rubuga rwa twitter, cemeza ko civunye, gisambura, congera cica abagizi ba nabi 3. Igipolisi congerako ko cafashe umuntu umwe hamwe n’ibirwanisho birimwo inkoko.

Mu misi iheze, umushikiranganji w'agateka ka zina muntu Martin Nivyabandi yahakaniye ibiro vy'Ijwi ry’Amerika biri i Nairobi muri Kenya, ko igipolisi kitaja muri bene ivyo bikorwa bihohotera agateka ka zina muntu.

Urunani CAVIB rworwo rurikumwe n’abandi bashingwamanza b’Abarundi n’abanyamahanga, ruvuga ko urutonde rw’amadosiye batwara muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI rubandanya kwiyongera kubera ubwo bwicanyi.

Amadosiye amaze gushikanwa muri iyi sentare arenga gato 2000. Iyo sentare yemeza ko iriko irakora amatohoza kugira izoshike igihe co gusohora imitahe yo guhagarika abakekwa ko ivyaha nk’ivyo birimwo ubwicanyi, gufungira abantu ubusa, kunyuruza abantu no gufata ku nguvu abakenyezi.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru

Dosiye Zirungikirwa CPI ku Vyaha Ndengerabutungane mu Burundi Zikomeje Kwiyongera
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:21 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG