Uko wahagera

CPI Izokwihweza Ubwicanyi mu Burundi


Umushikirizamanza amukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, Fatou Bensouda
Umushikirizamanza amukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, Fatou Bensouda

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha izokwihweza amakuru yerekeye ubwicanyi, gufata abantu bunyamaswa, gufata abapfasoni ku nguvu, n’ibindi vyaha nvyakozwe mu kiringo kirenga umwaka c’uruhagarara rwa politike miu Burundi.

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, Fatou Bensouda yatangaje, uno musi ku wa mbere, kw’iyo sentare ifise uburenganzira bw’ugutohoza ayo mabi yakozwe.

Avuga ko arico gituma banguye inzira ya mbere y’ukwihweza nimba hashobora kuba itohoza ku biriko bibera mu Burundi.

Nta nyishu Reta y’Uburundi yatanze buno nyene ku vyashikirijwe n’umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, Fatou Bensouda.

Madamu Bensouda amenyesha k’iyo sentare izorondera kuganira na Reta y’Uburundi kuri kuri ivyo bibazo.

Uburundi bwarateye igikumu ku masezerano y’i Roma, yashizeho sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Ivyo biha iyo sentare uburenganzira bw’ugukwirikirana ivyaha vyo mu ngwano, ivyaha bityoza agateka ka muntu n’ihonyabwoko mu Burundi.

XS
SM
MD
LG