Uko wahagera

Loni Iravuga ko Hashobora Kuba Ubwicanyi mu Burundi


Abagize akanama ka Loni Gashinzwe iperereza ku Burundi
Abagize akanama ka Loni Gashinzwe iperereza ku Burundi

U Burundi bushobora kugeramirwa n’ubundi bwicanyi bukabije mu gihe buriko bwitegurira amatora yo mu mwaka uza w’i 2020. Ivyo ni mu gihe uruhagarara n’ibibazo vya politike bitaratorerwa inyishu. Ivyo vyatangajwe mu cegeranyo ca komiyiso ya ONU ijejwe itohoza.

Icegeranyo ca komisiyo y’ishirahmwe ONU ijejwe itohoza ku Burundi kivuga ko abantu bose baterekana ko bashigikiye umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD baterwa ubwoba.

Igipolisi, abajejwe umutekano n’imikangara y’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, izwi kw’izina ry’Imbonerakure babandanya gutyoza bikomeye agateka ka muntu mu gihugu, harimwo kwica abantu, kubazimanganya, kubafata bunyamaswa, gufata ku nguvu ikivunga abapfasoni n’abigeme babonwa ko badashigikiye Perezida Petero Nkurunziza.

Abajejwe itohoza b’ishirahamwe ONU bamenyesha ko bihweje ibintu bitari bike bishobora gutuma haba ivyaha bikabije, basanga ivyo bintu vyose vyibonekeza mu Burundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:04 0:00


Icegeranyo ca Komisiyo y’ishirahamwe ONU ijejwe itohoza ku Burundi kivuga ko amatora yo mu mwaka w’i 2020 ashobora kubamwo ibibazo bikomeye cane. Ico cegeranyo kivuga ko Reta iriko ikomeza ugukurikiranira hafi amashirahamwe ategamiye Reta kandi ko ata demokrasi y’ukuri ifatiye ku migambwe myinshi ihari mu Burundi. Ivyo kubera imigambwe myinshi yanyegetewe kandi yaciwemwo ibice.

Ico cegeranyo ca komisiyo ya ONU ijejwe itohoza kivuga ko ubwigenge bw’itangazamakuru butakibaho mu vy’ukuri mu gihugu.

Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru, Willy Nyamitwe abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yagize ati : “Ku bamenyeshamakuru barondera ko nishura ku cegeranyo gifatiye ku mvo za politike ca Doudou Diene n’abo bakorana, ata kamaro Uburundi bukibona ko kwishura ku binyoma n’ukuyovya abantu bikorwa na bamwe mu banyamahanga ata kindi barondera atari uguhungabanya Uburundi”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG