Uko wahagera

Amerika,Ubwongereza n’Ubufaransa vyagavye Ibitero muri Siriya


Ibiro bikuru vya gisirikare muri Amerika, Pentagone, vyatangaje ko Amerika, Ubwongereza n'Ubufaransa vyagavye ibitero bitari bike mu bibanza bitandukanye birimwo ibirwanisho vy’ubumara muri siriya.

Ivyo bitero vyakozwe mu ntumbero yo kwishura igitero c’ivyuka vy’ubumara Reta ya Siriya yoba yarakoze mu gace ka Douma gaherereye hafi y’umurwa mukuru Damas, ku musi wa gatandatu.

Perezida w’Uburusiya Vladimir Poutine yavuze ko ibitero vyagabwe, bije kunyura ikibazo c’umutekano muke muri Siriya. Poutine yasavye abagize akanama ka ONU kajejwe umutekano guhura vyihuta bakavugana kuri ivyo bitero.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter, Perezida wa Amerika Donald Trump, yagize ati: “Ibitero twakoze muri Siriya vyagenze neza cane! Ndashimiye gose Ubufaransa n’Ubwongereza ku butwari abasirikare bavyo berekanye”

Ibihugu vyo mu muryango w’ubumwe bwa Buraya nk’Ubudagi n’Ububirigi vyashimye ivyo bitero.

Perezida wa Siriya Bachar al-Assad we yavuze ko Siriya igiye gukoresha inguvu zayo zose mu kurwanya ico yise “ Iterabwoba n’agasomborotso”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG