Uko wahagera

USA: Tump Yipfuza kuva muri Siriya, Abahanuzi biwe Bakanka


Imiduga ya gisirikare c'Amerika yerekeza mu gisagara ca Manbij, mu buraruko bwa Siriya, itariki 31/03/2018.
Imiduga ya gisirikare c'Amerika yerekeza mu gisagara ca Manbij, mu buraruko bwa Siriya, itariki 31/03/2018.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump kur’uyu wa kabiri yongeye kuvuga ko yipfuza gukura abasirikare biwe muri Siriya, imvugo ihushanye n’iyashikirijwe n’abasirikare bakomeye hamwe n’abahanuzi biwe bamwegereye batinya ko kuvayo bihuta vyoha intsinzi ya kidipolomasiya na gisirikare ibihugu vy’Uburusiya na Irani.

Trump yagize ati:"Igihe kirageze. Twaratsinze bihagije umuhari wa reta ya kiyisilamu. Tuzotsinda gisirikare uwo ari we wese. Ariko harageze gutaha muhira." Ivyo yabishikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu biro vyiwe vya White House.

Mugihe we yemeza ko hageze gukura abasirikare muri Siriya, abajejwe ico kibazo muri reta yiwe bavuga ko Amerika ifise umugambi wo kuguma bacungereye umutekano mu bice batse umwansi gushika habaye ibiganiro birongowe na ONU kandi bishigikiwe n’Abanyaburaya bizoba bigamije gufasha Abanyesiriya kwiyunga.

Umugambi w’Amerika, washikirijwe mu kwezi kwa mbere n’ubushikiranganji bwo kwivuna umwansi, wemezwa na sekreteri wa reta w’Amerika Rex Tillerson w’ico gihe, uvuga ko Amerika izogumiza abasirikare muri Siriya igihe cose gikenewe kugira babuze umuhari wa reta ya Kiyisilamu gusubira kugaruka.

Abo bategetsi bavuga kandi ko Amerika itipfuza gusigira ico gihugu Uburusiya na Irani, ibihugu bishigikiye intwaro ya Bachar al-Assad kandi vyamufashije kwongera kwigarurira igice ca kabiri c’ubutaka bwa Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG