Uko wahagera

Trump Yahagaritse Urugendo muri Peru Kugira Akurikirane Ibitero kuri Siriya


Perezida Trump mu nama n'Abagize reta yiwe i Washington, itariki 10/04/2018.
Perezida Trump mu nama n'Abagize reta yiwe i Washington, itariki 10/04/2018.

Perezida Donald Trump yahagaritse urugendo, aho yari ategekanya kuzokwitaba inama y’ibihugu vyo ku mugabane w’Amerika mu mpera z’iyi ndwi mu gihugu ca Peru, kugira agume i Washington akurikirana dosiye y’igitero ca gisirikare gishobora kugabwa muri Siriya, ivyo vyatangajwe n’ibiro vyiwe, White House kuri uyu wa kabiri.

Mu gishingo ciwe, icegera ciwe Mike Pence niwe azoca aserukira Reta zunze ubumwe z’Amerika muri iyo nama, nkuko bishikirizwa n’umuvugizi w’ivyo biro Sarah Sanders.

Kuva aho reta ya Bashar al-Assad yagirijwe igitero hakoreshejwe ivyuka vyica, cahitanye abashika 40 ku musi wa gatandatu mu gisagara ca Douma, kiri ku rwinjiriro rw’umurwa mukuru Damas, Perezida Donald Trump ntahengeshanya kuvuga ko gutera Siriya ari ibishoboka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG