Uko wahagera

Trump Yegeka kuri Putin na Irani Igitero c'Ubumara muri Siriya


Perezida Donald Trump ashikiriza ijambo mu kiganiro n'abamenyeshamakuru hamwe n'abategetsi bo mu bihugu vya Baltic, White House, itariki 03/04/2018, i Washington.
Perezida Donald Trump ashikiriza ijambo mu kiganiro n'abamenyeshamakuru hamwe n'abategetsi bo mu bihugu vya Baltic, White House, itariki 03/04/2018, i Washington.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yagirije Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya na Irani ku musi w’Imana, igitero hakoreshejwe ivyuka vy’ubumara cahitanye abantu bashika kuri 40 muri Siriya, yemeza kandi ko ababikoze bazovyishura “ikiguzi kinini.”

Trump ntiyavuze uburyo Amerika igiye kuzokwishura kuri ico gitero. Ariko umuhanuzi mu bushikiranganji bw’intwaro mu gihugu no kurwanya iterabwoba, Thomas Bossert yabwiye Televiziyo ABC News, ko ico ari co cose gishoboka, nko gutera iyindi misile nk’iyo yateye muri Siriya igihe Siriya yatera ivyuka nk’ivyo ku banyagihugu mu mwaka uheze.

Inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi itegekanya gukorana kuri uyu musi wa mbere kugira ivugane kuri ico gitero, inyuma y’aho ibihugu icenda biyigize bisabiye inama yihuta.

Trump yavuze ko aho ubwo bubisha bwabereye ari i Douma yafi y’umurwa mukuru, Damasi, kandi hakikujwe n’igisirikare ca reta ya Siriya, bituma ata banyamahanga bemerewe kujayo.

Ico gitero c’ivyuka vyica, gihakanwa na reta ya Siriya hamwe n’Uburusiya, cabaye ku musi wa gatandatu mu bitero vyari bitumbereye agace ka nyuma kakirimwo abarwanya reta mu buseruko bwa Ghouta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG