Uko wahagera

Abahinga ba OIAC Bagiye Gutohoza ku Bitero vy'Ubumara muri Siriya


Igisagara ca Douma, mu Bumanuko bw'umurwa mukuru damas, inyuma yo guterwa na reta ya Siriya
Igisagara ca Douma, mu Bumanuko bw'umurwa mukuru damas, inyuma yo guterwa na reta ya Siriya

Umurwi w’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kubuza ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’ubumara, (OIAC) mu mpfunyapfunyo y’Igifaransa, bari mu nzira bagana muri Siriya aho bategekanya gutangura ibikorwa vyabo ku musi wa gatandatu; ivyo vyatangajwe kuri uyu wa kane n’iryo shirahamwe.

Ivyo bitangajwe mugihe Reta zunze ubumwe z’Amerika n’ibihugu bicuditse vyagiriza reta ya Siriya gutera ivyuka vy’ubumara mu gace ka Douma karimwo abarwanya reta, hafi y’umurwa mukuru Damas, ku musi wa gatandatu, itariki 7 y’ukwezi kwa kane.

Ambasaderi wa Siriya muri ONU, Bachar al-Jaafari, we yemeza ko abahinga ba mbere bari bitezwe mu gihugu ciwe ejo ku musi wa kane, abandi kuri uyu wa gatanu.

Buzoba bubaye ubwa mbere, umurwi w’abahinga b’ishirahamwe OIAC uja gutohoza hanze y’umurwa mukuru Damas kuva mu mwaka w’2014. Ico gihe waratewe igitero, cakomerekeje umwe mu bawugize.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG