Uko wahagera

Amerika Ishobora Gukoresha Inguvu za Gisirikare muri Siriya


Akana kaciweko n'ivyuka vy'ubumara
Akana kaciweko n'ivyuka vy'ubumara

Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ajejwe kwivuna abansi, Jim Mattis yatangaje ko Reta ya Amerika ishobora gukoresha inguvu za gisirikare mu gihugu ca Siriya, inyuma y’aho Perezida Donald Trump yandikiye amakuru kuri Tweeter, avuga ko abakoresheje ibigwanisho ruhonyanganda vy’ubumara mur’ico gihugu bazokwibonerako.

Mattis yabwiye abamenyeshamakuru ko Amerika, iriko irakorana n’ibihugu bigenzi hamwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero rijejwe kwivuna abansi OTAN hamwe n’igihugu ca Qatar mu mugambi wo gufata ingingo ijanye n’ivyo bitero vy’ubumara.

Ku musi wa mungu ku mugoroba, Perezidanse y'Amerika yaratangaje ko Perezida Trump hamwe na Perezida w’igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron, biyamirije ivyo bitero vy’ubumara vyakozwe mu gihugu ca Siriya, bongera batangaza ko reta ya Bashar Assad, izobazwa iryo honyangwa ry’agateka ka zina muntu.

Igihugu ca Siriya carahakanye ibirego nk’ivyo kuva ingwano igitangura mu mwaka w’2011, harimwo n’ibirego biherutse gushikirizwa vyerekeye igitero c’ibigwanisho vy’ubumara vyatewe ku musi wa gatandatu muri Karitiye yo mu gisagara ca Damas, icumbitswemwo n’abarwanya ubutegesi: Ico gitero cahitanywe ubuzima bw’abantu 40.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ko Assad ariwe yakoze ico gitero yongera ashira amakosa ku mukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin na Irani, ngo bishigikiye “Assad yise igikoko.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG