Uko wahagera

Abasivile cumi n’umwe barishwe ku musi wa mbere n’igisasu kitaramenyekana iyo caje kiva caturitse mu gisagara ca Idleb, mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya, kiri mu minwe y’Abayisilamu b’intagondwa, nkuko vyashikirijwe n’ishirahamwe rikorera muri Siriya ryishinze kugenzura iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.

Ico gisasu cakomerekeje kandi abandi bantu 80, kandi bashobora no kurenga, bamwe bakomeretse bikomeye abandi boba bakiri munsi y’ibibomoke vy’amazu. Intandaro y’ico gisasu caturitse ntiyari bwamenyekane.

Igisagara ca Idleb gisanzwe kiri mu minwe y’umurwi witwa Hayat Tahrir al-Cham, wiganjemwo ishami rya Al-Qaïda muri Siriya.

Imirwi y’abarwanyi hamwe n’imiryango yabo iheruka guhunga igisagara ca Ghouta mu burengero, ku rwinjiriro rwa Damas, bahungiye mur’ico gisagara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG