Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yatangaje ko atigeze avuga igihe ibitero vya Amerika ku gihugu ca Siriya bizoberako, mu kwishura ku gitero gikoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara bivurwa ko vyagizwe ku basivile muri ico gihugu.
Mu butumwa kuri Twitter, Perezida Trump yatangaje kw’ibitero vya Amerika bishobora kuba vuba cane canke bigafata igihe.
Umusi umwe inyuma yuko agabishije ko amamisile agiye kuraswa muri Siriya, Perezida Trump yatangaje kandi ku musi wa gatatu ko Amerika, kuri Reta yiwe, yakoze igikorwa gikomeye c’ugutuza abarwanyi ba Reta ya Kiyisilamu mu karere Siriya irimwo.
Abategetsi bo mu biro vya Prezida bavuga ko Trump ariko yiyumvira kugira ibitero vy’amamisile muri Siriya nka bumwe mu buryo bw’ukwishura ku gitero gikoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara cagizwe ku musi wa gatandatu w’indwi iheze ku basivile muri ico gihugu.
Inteko za Reta ya Siriya nizo zagirijwe ico gitero. Abantu batari bake barishwe canke bararwara bivuye kuri ico gitero cabereye mu gisagara ca Douma kiri ku nkengera z’umurwa mukuru wa Siriya, Damas.
Reta ya Siriya yarahakanye ko yakoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara.
Facebook Forum