Uko wahagera

Amerika na Koreya ya Ruguru Boba Bagira Bongere Kuja mu Biganiro?


Perezida Donald Trump na mugenzi we Kim Jong Un
Perezida Donald Trump na mugenzi we Kim Jong Un

Koreya ya Ruguru isaba Amerika ibimenyesto bihumuriza mu vy’umutekano imbere y’uko ibiganiro bijanye no guhagarika gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara bwa nikleyeri bimaze igihe vyarahagaze hagati y’ivyo bihugu vyongera gutangura.

Umwe mu bategetsi bo hejuru mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Koreya ya Ruguru n’ayandi makungu yabwiye ikinyamakuru ca Reta muri ico gihugu, KCNA, ko hambavu y’uwo mutekano Amerika ibwirizwa kandi kuvana mu nzira intambamyi zose zibuza iterambere ry’igihugu ciwe.

Uwo mutegetsi ikinyamakuru KCNA kitavuze amazina yemeje ko ibiganiro vy’ibanze bitegekanijwe mu ndwi nkeya ziri imbere. Kubw’uyo mutegetsi, Amerika ni yo ifise urufunguruzo rwo gutuma haboneka amasezerano yo kuvavanura n’ibirwanisho vya nikleyeri canke igatuma ibintu biba bibi gusumba.

Naho ibiganiro hagati ya Amerika na Koreya ya Ruguru biriko biracumbagira, Perezida wa Amerika Donald Trump yemeza ko imigenderanire hagati ya we na mugenzi we Kim Jong Un ari myiza.

Ibitangazamakuru bikorera muri Koreya ya Ruguru vyatangaje ko vyaronse amakuru y’uko mu mpera z’ukwezi kwa munani Kim Jong Un yandikiye mugenzi wiwe Donald Trump amutumira guhurira i Pyongyang.

Ubwa nyuma Trump na Kim Jong Un babonana hari mu kwezi kwa gatandatu uno mwaka. Ico gihe bumvikanye ko ibiganiro nyezina ku birwanisho vya nikleyeri vyari gutangura bidatevye.

Mu ndwi iheze Koreya ya Ruguru yavuze ko yipfuza ko ivyo biganiro bidindiye bitunganywa mu mpera z’ukwezi kw’icenda, Amerika ku ruhande rwayo isubiza ivuga ko ari imvugo itanze icizere. Inyuma y’amasaha make Koreya ya Ruguru itanze ico cizere, yahavuye yamara irungika ibisasu bibiri bitaramenyekana ubwoko mu kirere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG