Uko wahagera

ONU: Koreya ya Ruguru Ntiyigeze Yubahiriza Ibihano Yafatiwe


Perezida wa Amerika Donald Trump na mugenzi we wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un

Porogaramu za Nikleyeli na Misile za Koreya ya ruguru ziracari uko zari kandi ico gihugu kiriko kirakoresha ibibuga vy’ingede n’ibivuko mu kunyegeza ibirwanisho vyaco ntibizoterwe n’ibitero vy’indege za Reta zunze ubumwe za Amerika. Ivyo vyashikirijwe n’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Muri raporo bashikirije ejo kuwa kabiri, uwo murwi w’abahinga washikirije ko ibihano vyafatiwe Koreya ya ruguru ataco vyamaze kuko ico gihugu kikironka ibidandazwa biva mu gitoro, kikigurisha ibizuku cabujijwe kandi kibandanya gica kubiri n’ibihano cafatiwe ku birwanisho.

Iyo raporo yo mw’ibanga yarashikirijwe akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano, mu gihe perezida Donald Trump ari mu myiteguro y’inama igira kabiri izomuhuza muri uku kwezi kwa kabiri na Kim Jong Un. Amerika yizeye ko izogira ico ishitseko mu gusambura ibirwanisho vya Nikleyeli vya Pyongyang.

Abo bahinga bavuga kandi ko Koreya ya ruguru ikibandanya kurungika ibirwanisho bito bito muri Siriya, ku barwanyi b’aba Houti muri Yemeni, muri Libiya hamwe no muri Sudani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG