Uko wahagera

Trump Avuga ko Yimirije Kwongera Kuganira na Kim Jong Un


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump n'indongozi ya Koreya ya ruguru muri Singapore, Kw'itariki 12/06/2018

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yashikirije ejo kuwa gatatu ko yaronse urwete ruhambaye rwavuye ku ndongozi ya Koreya ya ruguru Kim Jong Un kandi agiye kuzobonana nawe muri kazoza ka hafi.

Trump yabwiye abashikiranganji biwe mu nama yabahuje ejo kuwa gatatu ko we na Kim bafitaniye imigenderanire mwiza.

Ivyo Trump yabivuze inyuma y’umusi umwe iyo ndongozi ya Koreya ya ruguru Kim igabishije ko uburwaneza bwiwe bushobora kurangira mu gihe Amerika yobandanya ifatiye mu mugongo reta yiwe mu bihano ngo n'uko itahagaritse umugambi wa Nikleyeli. Hari mw’ijambo yashikirije abanyagihugu biwe rirangiza umwaka.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG