Uko wahagera

Perezida Trump Yajabutse muri Koreya ya Ruguru


Perezida w'Amerika Donald Trump ari kumwe n'indongozi ya Koreya ya Ruguru Kim Jong UN ku rubibe Koreya zompi Zihana, itwariki 30/06/2019

Perezida Donald Trump yabaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ari ku butegetsi yinjiye ku butaka bwa Koreya ya ruguru, mu mubonano na Kim Jong Un, wabereye ejo kuw’Imana mu karere kabujijwemwo ibikorwa vya gisirikare.

Inyuma yo kuramukanya na Kim ku rubibe rwa Panmunjom, Trump yaciye arengana umurongo ugabura Koreya zibiri. Kim na Trump babona gusubira inyuma muri Koreya y’epfo.

Perezida Trump yaboneyeho akaryo ko gutumira Kim kugendera Amerika mu yundi mubonano uzokurikira.

Perezida Trump yatangaje ko we na Kim bumvikanye gushiraho imigwi isubira kuvugurura ibiganiro.

Ubaye umubonano ugira gatatu hagati ya Kim and Trump, inyuma y’imibonano yabereye i Singapore mu kwezi kwa gatandatu kw’umwaka uheze hamwe na Vietnamu mu kwezi kwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG