Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yateye Ibisasu Ihejeje Kwemera Kuganira n'Amerika


Ibisasu vya Koreya ya ruguru birungitswe mu kirere, kw'itariki 11 z'ukwezi kwa munani, 2019.
Ibisasu vya Koreya ya ruguru birungitswe mu kirere, kw'itariki 11 z'ukwezi kwa munani, 2019.

Koreya ya ruguru yarungitse ibisasu bibiri bitaramenyekana ubwoko mu kirere kuri uyu wa kabiri, inyuma y’amasaha ico gihugu kivuze ko gifise ishaka ryo gusubira mu biganiro vyo guhagarika porogaramu ya Nikleyeli na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Ivyo bigendajuru vyarasiwe mu ntara ya Pyongan iri mu bumanuko, vyerekeza mw’ibahari mu buseruko, nkuko amakuru yavuye mu gisirikare c'igihugu kibanyi ca Koreya y’Epfo yabitangaje.

Nta yandi makuru arenze ayo yashoboye gushikirizwa y'uko gusa no kugerageza ibisasu vya Nikleyeli, ku ncuro ya cumi kuva mu ntango z’ukwezi kwa gatanu.

Choe Son Hui, icegera c’umushikiranganji wa Koreya ya ruguru ajejwe imigenderanire n'amakungu, yashikirije ejo kuwa mbere ko Pyongyang yipfuza kuganira n’Amerika, ariko agabisha ko Washington ikwiriye kuza n’ivyiyumviro bishasha atar’uko ivyo biganiro bishobora kutagira aho bishitse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG