Uko wahagera

Abatavuga Rumwe na Reta Bazokora Imyiyerekano i Kinshasa


Abatavuga rumwe na Reta ya Republika iharanira demokrasi ya Kongo bazorekurirwa kugirisha imyiyerekano hirya y’ejo ku musi wa gatanu ku murwa mukuru, Kinshasa.

Iyo myiyerekano izoba igenewe kwiyamiriza imashini z’ugutora bafitiye ubwoba ko zizotuma ubusuma mu matora akomeye azoba kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri muri uyu mwaka w’i 2018.

Icuka kibi ca politike kiriko gitera ciyongera muri Kongo imbere y’amatora yigijweyo igihe kirekire. Ayo matora azoba agenewe guhitamwo uwuzosubirira perezida ahari muri iki gihe, Joseph Kabila.

Kabila yaremeye kudasubira kwitoza mu kindi kiringo inyuma yuko aremewe n’amakungu. Yemereye ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko amatora azoba nkuko bitegekanijwe.

Abanebagura Perezida Kabila bavuga ko ariko agerageza gutuma Emmanuel Ramazani Shadary, umukandida yipfuza ko amusubirira, ataronka abo bahiganwa bikomeye. Bafise kandi impungenge ko imashini z’amatora zakorewe muri Koreya y’epfo zizotuma haba ubusuma mu matora.

Ibihugu bikomakomeye vyo mu burengero bw’isi biriko birakurikiranira hafi ivyerekeye amatora muri Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG