Uko wahagera

Botswana Iranegura Inyifato ya Joseph Kabila


Perezida wa Botswana President Ian Khama mu nama yo gukomeza ubucuti na Afrika y'epfo i Pretoria, Afrika y'epfo, Itariki ya 11/11/ 2016.
Perezida wa Botswana President Ian Khama mu nama yo gukomeza ubucuti na Afrika y'epfo i Pretoria, Afrika y'epfo, Itariki ya 11/11/ 2016.

Igihugu ca Botswana cubahutse kiranegura perezida Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, mu kuvuga ko kubona yanka gutunganya amatora bikwegera igihugu mu bwicanyi kandi bishobora kwunyura ubuzima bw’abanyagihugu mur’ico gihugu.

Umushikiranganji wa Botswana w’imigenderanire n’ayandi makungu yanse gutanga insiguro zihagije kur’iryo tangazo, ariko yagize ati: "Botswana isaba amakungu kuremera abategetsi ba Republika iharanira demokarasi ya Kongo kugira bave ku butegetsi kandi bugurure inzira yo gushikira ubutegetsi biciye muri demokarasi.

Kabila yasibije amatora mu gisa n’ukugomba kuguma ku butegetsi. Ivyabivuyemwo ni imyiyerekano ishingiye ku mvo za politike ishigikiwe na Ekleziya katolika. Imyiyerekano iheruka yahitanye abanyagihugu babiri bishwe n’abajejwe umutekano.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG